Indwi bapfiriye mu mpanuka y'imodoka igendera ku ntsinga mu Buhindi

Imiduga igendera ku mugozi yo muri Gulmarg ituma ubona neza imisozi ya Himalaya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imiduga igendera ku mugozi yo muri Gulmarg ituma ubona neza imisozi ya Himalaya

Niburiburi abantu indwi bapfuye mu ntara ya Kashmir mu Buhindi, igihe umugozi, imodoka yo mu kirere igenderako, ucikiye mu gace gahurumbigwa n'abakerarugendo ka Gulmarg, niko ubutegetsi bwavuze.

Iyo modoka igendera ku mugozi yaciye igwa hasi, abantu bose bari muriyo barapfa.

Bivugwa ko hari abantu benshi bagikwamiye mu yindi miduga mu muyaga mwinshi.

Ibikogwa vy'abatabazi birabandanya.

Uwo mugozi ngo woba wacitse kubera igiti cawuciyeko kubera umuyaga.

Mu bapfuye harimwo abana babiri.

Imodoka zo ku migozi zo mu gisagara ca Gulmarg, ziri mu zigendera hejuru cane kw'isi.

Uwigeze kuba umushikiranganji Omar Abdullah, yavuze ko habaye "urwangara" rw'abategetsi.

"Niba ivyo ari vyo vyashitse , umuntu ashobora guca yibaza igituma ubutegetsi butahagaritse ukwunguruza abantu mu muyaga mwinshi. Ni ukutubahiriza ingene ibintu bitegerezwa kurangugwa," niko yarungitse ubutumwa kuri Twitter inyuma y'iryo sanganya.

Izo modoka zigendera ku migozi i Gulmarg, zitwara abantu gushika ku metero 4100 mu kirere, zigatuma abantu babona neza imisozi ya Himalaya iriko urubura no muri kino gihe c'umwaka.