Turukiya: Umunsi mukuru w'abakundana basangiye igitsina

Abaharanira amateka biriwe barasiga impome amabara y'umunywamazi imbere yukoumunsi mukuru wo ku mwaka utangura Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abaharanira amateka biriwe barasiga impome amabara y'umunywamazi imbere yukoumunsi mukuru wo ku mwaka utangura

Abateguye umunsi mukuru w'abasangiye ibitsina n'abigenza mu buryo butandukanye n'igitsina bafise (LGBT) muri Turukiya, bavuze ko bategerezwa gukora ibirori vyo ku mwaka bifise intego yo kwishimira ukwo bari (Gay Pride), naho ubutegetsi bwabibujije.

Abantu bariko baraja hamwe mu migwi mito mito hafi ya Taksim Square, ariko bakaba barengewe n'abapolisi.

Ubutegetsi bwa Turukiya bwarahagaritse iyo myiyerekano ku kiringo kibaye ica gatatu mu myaka itatu ikurikirana, busigura imvo z'umutekano, bitewe n'igabisha ryatanzwe n'imigwi igendera ku vyiyumviro vya kera.

Gukundana musangiye igitsina ntibibujijwe n'amategeko muri Turukiya, naho atariko vyifashe mu bihugu vyinshi vy'aba Islamu.

Prezida Recep Tayyip Erdogan, umugambwe wiwe AK Party ugendera ku vyiyumviro vya kera vya Islamu, yarahakanye ko atazoshigikira ivyiyumviro vy'idini vya kera, avuga ko we ashigikiye ukutagendera kw'idini na rimwe (laïcité), ariko akaba ashigikiye agateka k'abanyaturukiya ko kwigina idini ukwo bavyipfuza.

He has been accused of growing authoritarianism in recent years.