Abantu 6 bapfiriye mu mpanuka y'ubwato muri Colombia

Ukurondera abazimiye no gutabara birabandanya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Ukurondera abazimiye no gutabara birabandanya

Igipolisi muri Colombia kivuga ko abantu bashika 6 bapfuye baziye impanuka y'ubwato bwarohamye mu kiyaga kimwe co mu gisagara kiri mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Abandi 16 ntibaramenyekana irengero, inyuma y'aho ubwo bwato bw'igorofa zine bwatangura kwuzura amazi, igihe bwari bukimara guhaguruka, hagufi y'inzu y'uburiro ukundwa cane n'ingenzi ya Guatape, ku birometero 45 mubuseruko bwa Medeline, ku musi waMungu.

Muri ubwo bwato harimwo abantu 150.

Umuntu yari ari aho iyo mpanuka yabereye, Juan Quiroz, yabwiye BBC ko ubwo bwato bwazamye mu minota itanu gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abarokotse bumiwe kubera iyo mpanuka

Ubundi bwato buto buto bwashitse bwihuta buca butangura gutabara abantu bakorokeye mu mazi n'abari mw'igorofa yo hejuru muri ubwo bwato.

Hari n'indege za kajugujugu n'abasirikare bagwanira mu mazi bari muri ico kibanza bariko barafasha gutabara abahuye n'ivyago.

Nta zindi nkuru ziramenyekana y'icatumye ubwo bwato bwibira.

"Biboneka ko ibintu vyifashe nabi gusumba," ni ko umwe mu bategetsi bakomeye b'igihugu yari ngaho yabwiye abamenyeshamakuru.

Abantu barenga 20 banyarukanywe kwa muganga mu gisagara ca Guatape.

Image caption Ikarata yerekana igisagara ca Guatape

Luis Bernardo Morales, umukabitene mu gisata co kuzimya umuriro wadutse ari na we ari muri ico gikorwa co gutaara, yavuze ko ubwo bwato bwari iruhande y'ikivuko aho bwibiriye.

"Ntituramenya ko icatumye iyo mpanuka ari ingorane y'ubuhinga, gutwara abantu barenze canke imikuba y'amazi." uko ni ko asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Guatape ni akarere gakunzwe cane n'ingenzi mu gisagara ca Andean, uzwi kubera inkino nyinshi zibera mu mazi n'ibibanza vyo kwidagaduriramwo.