Liu Xiaobo yarekuwe kubera indwara ya cancer imugeze habi

Uwo atavuga rumwe na reta Liu Xiaobo kw'ifoto nshasha umuryango wiwe washize ahabona Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Liu Xiaobo yandika ivyese agaharanira n'agateka ka zina muntu

Umushinwa atavuga rumwe na reta yigeze kuronka agashimwe ka Nobel Liu Xiaobo yavanywe mw'ibohero ajanwa mu bitaro inyuma yo kumutora ingwara ya Cancer.

Liu, aharanira agateka ka zina muntu yatawe mu mvuto mu 2009 yagirizwa ibintu bitagira ishingiro kuko yatera akamo ko hoba demokrasi isesuye.

Umushingwamanza wiwe avuga ko yahora avurirwa mu bitaro vyo mu buraruko bw'intara ya Liaoning, inyuma y'aho bamutoreye iyo ngwara haraheze ukwezi.

Umupfasoni wiwe Liu Xia yaciye ahagarikwa kuva umugabo wiwe aronse ako gashimwe mu 2010, ariko nta kintu na kimwe aragirizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Liu Xia (ari kumwe n'umushingwamanza wiwe Mo Shaoping, i bubamfu) ahawe akanya gato ko kuraba umugabo wiwe

Liu Xiaobo w'imyaka 61, yari mu barongoye imyiyerekano yabereye i Tiananmen mu 1989.

Abategetsi b'Ubushinwa ntibigeze bamenyesha icatumye babuza umugire wiwe kwishira akizana.