Ibinogo 10 bihambwemwo abantu ikivunga muri RDC

Abahambwe bivugwa ko ari abagwanyi babishe
Image caption Abahambwe bivugwa ko ari abagwanyi babishe

Ubutegetsi muri RDC buvuga ko bwatoye ibibanza birenga 10 bihambwemwo abantu ikivunga mu ntara ya Kasai, aho abasirikare ba reta n'imigwi igwana yagirizwa kwica abanyagihugu.

Umushikirizamanza wa gisirikare Gen Joseph Ponde yavuze ko azi neza ko ubwo bwicanyi bwakozwe n'abagwanyi ba Kamuina Nsapu bamaze imisi bahanganye n'igisirikare ca reta.

Abarenga 3000 baramaze kwicwa muri RDC

Intambara zahitanye abarenga 100 mu ntara ya Kasai

Mu ndwi iheze, ishirahamwe mpuzamakungu Onu yarerekanye amakenga ku bwicanyi bubandanya buri joro muri iyo ntara, aho abantu abantu bashika ibihumbi bibiri bamaze kwicwa mu kiringo c'amezi atatu.

Image caption Si ubwa mbere hatorwa ibinogo bihambwemwo abantu ikivunga muri RDC

Onu kandi iragiriza igisirikare ca Congo ko ari co gikora ivyo vyaha vyo mu ntambara.

Ariko akanama kadasanzwe kagize amatohoza kavuga ko ata vyaha vyo mu ntambara vyakozwe, kandi ko ata ntambara izwi iriko irabera mu karere ka Kasai.

Bivugwa ko bamwe mu basirikare bafashwe amasanamu kuri video bariko bararasa abanyagihugu bititwaje ibigwanisho.