Amerika iragabisha Syria ku bitero vy'ubumara

Igitero c'ubumara mu ntara ya Idlib muri Syria mu kwezi kwa kane aho abantu 80 bishwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitero c'ubumara mu ntara ya Idlib muri Syria mu kwezi kwa kane aho abantu 80 bishwe

Amerika ivuga ko yamenye ko hariko harategurwa ibindi bitero vy'ubumara mu gihugu ca Syria ikaba inagabisha bikomeye reta ya Syria.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika bivuga ko ibiriko birakorwa bisa n'ivyakozwe imbere y'uko haba iitero vy'ubumara mu kwezi kwa kane.

Abantu bababa ijana bariciwe muri ico gitero bituma prezida Obama ategeka ko haba igitero kw'ikambi ya gisirikare ya Syria.

Prezida Bashar Assad aragabishwe ko yobona ayo imbwa yaboneye ku mugezi mu gihe yohirahira akagira ikindi gitero c'ubumara.

Amerika yateye Syria yihora ku bitero vy'ubumara biherutse

Amerika n'Uburusiya byumvikanye kuri Syria

Iyo nkuru ivuga ko ikindi gitero c'ubumara cokorwa n'ubutegetsi bwa Assad cohitana abanyagihugu benshi cane.

Iyo nkuru kandi ivuga: Nk'uko twari twabivuze, Amerika iri muri Syria kugwanya abagwanyi ba Islamic State bo muri Irak na Syria.

Ariko mu gihe Assad yogira ikindi gitero c'ubumara we n'igisirikare ciwe, bazibonerako.