''Serena Williams yofashe ikibanza 700 iyo yakina tenisi y'abagabo''

''Serena Williams yofashe ikibanza 700 iyo yakina tenisi y'abagabo'' Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ''Serena Williams yofashe ikibanza 700 iyo yakina tenisi y'abagabo''

Serena Williams ntiyogiye mu bibanza 700 iyo yobaye akina tenisi y'abagabo nk'uko bivugwa n'uwumaze gutwara igikombe ca Grand Slam incuro indwi, John Enroe.

Umukinyi na we aza mu ibanza ca 7001 kw'isi, Dmitry Tursunov yemeza ko ashobora gutsinda Serena.

Avugana n'ikinyamakuru ca NPR, Mc Enroe yagize ico avuga kuri uwo mukinyi wa mbere wa tenisi mu bigeme, Serena Williams, amaze gutwara ibikombe vya Grand Slam incuro 23: Iyaba yakina tenisi n'abahungu yogiye mu kibanza 700 kw'isi.

Yasiguye amajambo yiwe avuga: Ivyo ntibisigura ko Serena atari umukinyi mwiza kandi ata ko atakidashoboka; hari igihe umukinyi wa tenisi w'umwigeme ashobora gusumba uwo ari we wese.

Ariko yongeyeko ko: Ivyo ariko ntavyo ndigera mbona muri uru rukino no ngaha muri tenisi.

Umugore wa mbere muri Tennis Serena Williams aribungenze

Australian Open 2017: Venus na Serena Williams barahura ku ncuro y'icenda muri Grand Slam

Iyaba yari amaze gukina tenisi n'abahungu, iyo yopbaye iyindi nkuru itandukanye.

Mu nyuma Williams yishuye akoresheje urubuga rwiwe rwa twitter: Mwenewacu John ndakuzi kandi ndakwubaha ariko ndagusavye nshimitse ntusubire kuncisha mu kanwa ku bintu bitagira aho bifatiye.

Sindigera nkintenisi n'umugabo uwo ari we wese kandi nta n'umwanya mfise w'ivyo.

Nyubahiriza jewe n'uburenganzira bwanje bwo kutinjira mu buzima bwanje mu gihe niteze ikibondo. Umusi mwiza.