Umwamikazi Elizabeth yongererejwe miliyoni 6 z'amapawundi ku mushahara

Umwamikazi Elizabeth yongererejwe umushahara Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umwamikazi Elizabeth yongererejwe umushahara

Vyitezwe ko umwamikazi w'Ubwongereza yongererezwa ibice 8 kw'ijana vy'umushahara wiwe avuye ku mahera ya reta inyuma y'aho ubudandaji bw'ubwami buronkeye inyungu y'amapawundi imiliyoni 24 z'amapawundi.

Ico kigega kiriha umushahara w'ubwami, ukwiyunguruza n'utundi turusho kigiye kwongerekana gushika ku miliyoni 6 mu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019.

Ivyo bivuzwe mu gihe bigaragara ko amahera umwamikazi akoresha yongerekanye mu mwaka uheze ava ku mapawundi imiliyoni zibiri gushika ku miliyoni 42.

Umwamikazi Elizabeth II n'igikomangoma William basuye ahafashirizwa abarokotse ururiro

Umwamikazi Elizabeth II yijihije isabukuru y'imyaka 90 y'amavuko

Ayo mahera amenyekana buri nyuma y'imyaka ibiri, ni amahera ahabwa umwamikazi n'ubushikiranganji bw'ikigega ca reta.

Avana n'inyungu aba yavuye mu budandaji bw'umwamikazi biri mu karere kanini ka West End mu gisagara ca Londres.

Ubwo budandaji bwahaye umwamikazi inyungu y'amapawundi imiliyoni 24.7 gushika ku miliyoni 328.8 mu mwaka wa 2016 ushira uwa 2017.