Ubushakashatsi: Trump na politike yiwe ntishigikiwe kw'isi

Ico amakungu yiyumvira kuri prezida wa Amerika Donald Trump
Image caption Ico amakungu yiyumvira kuri prezida wa Amerika Donald Trump

Ubutegetsi bwa prezida Donald Trump burabangamiwe n'ingene amakungu abona Amerika nk'uko biri mu bushakashatsi bwakozwe.

Ubwo bushakashatsi bwakozwe n'ishirahamwe rya Pew Research Center ryabajije abantu barenga 40.000 bo mu bihugu 37 muri uyu mwaka.

Bwerakanye ko prezida wa Amerika na politike yiwe bidakunzwe cane kw'isi.

Ubwo bushakashatsi bwerekanye ko ibihugu bibiri gusa ku bihugu 37 bikunda cane prezida Trump bagereranije n'uwo yasubiriye Barack Obama: Israel n'Uburusiya.

Dore impamvu urukuta rwa Trump rushobora kutazigera rwubakwa

Donald Trump avuga ko yoshima kubonana na Kim Jong-Un

Ariko ico cegeranyo cerekana ko abantu benshi bibaza ko imigenderanire bafitaniye na Amerika itazohinduka mu myaka iri imbere.

Ibintu bikomeye vyagaragaye muri ubwo bushakashatsi bwakozwe hagati y'itariki 26 z'ukwezi kwa kabiri n'itariki 8 z'ukwezi kwa gatanu ni: Abantu ntibizeye prezida Trump ugereranije na Obama.

Abantu barabajijwe mu mpera z'ubutegetsi bwa Obama, n'inyuma y'aho ubutegetsi bwa Trump butanguriye, babajijwe nimba bizeye ko prezida Trump azokorera amakungu ibintu bamwizeyeko.