Google yaciwe amande menshi cane na EU kubera ubudandaji budaciye mu mategeko

Google Shopping Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Ibigurishwa bigaragara kuri buri ntango y'ivyo uriko urondera kuri Google

Google yaciwe amande ya miriyaridi 2.42 vy'amafaranda y'ama euro n'akanama k'ubumwe bwa Buraya inyuma kwagirizwa ko yarenze kuvyo yemerewe mu guteza imbere ubudandaji bw'iryo shirahamwkuri buri ntango y'aho uronderera ikintu.

Niyo mande ya mbere menshi atari bwigere abaho gushika ubu atangishijwe ishirahamwe ryagirizwa kwonona isoko.

Google kandi yasabwe guhagarika ibikorwa vyo kubangamira ayandi masoko mu kiringo kitarenze imisi 90 canke bacibwe ayandi mande.

Iryo shirahamwe ryo muri Amerika rivuga ko rishobora kwunguruza.

Ariko , mu gihe ryonanirwa guhindura uburyo rifasha abantu mu budandaji mu kiringo c'amezi atatu ryahawe, rishobora gutegekwa kuriha ibice bitanu kw'ijana vy'inyungu y'ishirahamwe bakomokako rya Alphabet riba ryaronse buri musi kw'isi yose.

Google irashinjwa kwica amategeko y'Uburayi

Ufatiye ku cegeranyo gishasha c'ubutunzi, ayo mahera angana na miliyoni 14 buri musi.

Ako kanama kavuze ko karetse Google ubwayo ikaraba uko yohindura ivyerekeye ubudandaji ikora gusumba kudomako urutoke ibikwiye guhinduka.

"Ivyo Google yakoze ntibirekuwe n'amategeko agenga EU," ni ko Magrethe Vestager, ajejwe ivyerekeye ihiganwa mu budandaji muri EU yavuze.

"Ryabuje ayandi mashirahamwe amahirwe yo guhiganwa mu vyo ashoboye no kwinagura, hanyuma ikindi gikomeye cane, ryabujije abaguzi ba buraya inyungu ivuye mu guhiganwa, kwihitiramwo no kwinagura."

Uwufise ububasha kw’isanamu European Commission
Image caption Margrethe Vestager avuga ko Google yakoresheje igihagararo ifise mu kwigungirako amasoko

Umupfasoni Vestager yongeyeko ko iyo ngingo ishobora gufasha ingene botorera inyishu amatati ajanye n'ingene Google yerekana amakarata yayo, ibiciro vy'indege hamwe n'ubudandaji butobuto buboneka aho uba uriko urarondera ikintu ku rupapuro rwa google.

Google yaheruka kumenyesha ko Amazon na eBay bafise uruhara runini ku nyifato y'uko abantu bakoresha amahera, kandi ivuga ko itemeye ivyo yagirijwe.