Hatowe "urucanco" ku bitero vyo kuri internet

Igicapo cerekana ikiganza kuri laptop Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock

Abashakashatsi mu vyo umutekano batoye "urucanco" ku bitero bikomeye vyo kuri internet vyateye amashirahamwe menshi hirya no hino kw'isi ku musi wa kabiri.

Kugurura idosiye imwe gusa bishobora guhagarika igitero kivuye ku mashini yamaze kwandura.

Ariko abashakashatsi ntibashoboye gutora iciswe "kill switch" ibuza ikwiragira ry'uwo mugera mu zindi mashine.

Abahinga ntibaramenya iyo ico gitero cazananye n'ico cari kigamije.

Uravye amahera 300 y'amadolari yasabwa yasabwa ingene ari make, hari abibaza ko ko ico gitero cari kigamije kwonona gusa no gushikiriza ijambo rya politike.

Uwufise ububasha kw’isanamu Screenshot
Image caption Inkuru nyinshi k'isi zivuga ko imashini zerekana ubutumwa nk'ubu.

Amashirahamwe yatewe ni Ibanki nkuruya Ukraine, ishirahamwe rikomeye ridandaza igitoro ry'Uburusiya Rosneft, ishirahamwe ryo mu Bwongereza ryamamaza ibintu WPP, hamwe n'ishirahamwe ry'amategeko ryo muri Amerika rya DLA Piper.

Abandi bakozweko n'ico gitero ni n'imiburiburi ibitaro bimwe vyo mu gisagara ca Pittsburgh muri Amerika