Trump yashizeho amategeko mashasha ku bihugu 6 vy'aba Islam

Prezida Donald Trump wa Amerika yashinze amategeko mashasha
Image caption Prezida Donald Trump wa Amerika yashinze amategeko mashasha

Ubutegetsi bwa Trump bwashizeho amategeko mashasha kubashaka uruhusha rwo kwinjira muri Amerika ku bihugu 6 vy'aba Islam co kimwe no ku mpunzi, asaba ko bategerezwa kuba bafise uwobagipfana canke bafitaniye ubucuti bw'ubudandaji na Amerika.

Iyo ngingo yega ibihugu bitandatu vy'aba Islam, harimwo Iran, Libya, Somalia, Sudani, Syria na Yemen iri mu butumwa bwarungikiwe abaserukira Amerika mu bihugu vyose.

Izo ngingo zatanguye kuja mu ngiro ku musi wa kane zerekana ko uwo mwoba mugipfana ari umuvyeyi, umugore wawe canke umugabo wawe, umwana w'umukobwa canke w'umuhungu.

Trump: Aba Islam ntibakinjire muri Amerika

Ukwiyamiriza amajambo ya Trump ku ba Islam

Izo ngingo zishinzwe inyuma y'aho sentare nkuru yo muri Amerika yemeje vy'agateganyo ishirwa mu ngiro ry'itegeko rya Trump ryagumye rinebagurwa ko rikumira aba Islam.