Xi Jinping: Prezida w'Ubushinwa yagize urugendo rwa mbere muri Hong Kong nka prezida

Prezida Xi Jinping (Hagati) ashitse ku kibuga c'indege muri Hong Kong ari kumwe n'umupfasoni wiwe Peng Liyuan (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Prezida Xi Jinping (Hagati) ashitse ku kibuga c'indege muri Hong Kong ari kumwe n'umupfasoni wiwe Peng Liyuan (i buryo)

Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yashitse muri Hong Kong guhimbaza imyaka 20 irangiye kuva iyo ntara isubijwe mu minwe y'Ubushinwa n'Ubwongereza.

Urwo rugendo rufise ikimenyetso gikomeye, urwa mbere kuva Xi ashikiriye ubutegetsi mu 2012, rubaye mu gihe hari ukutavuga rumwe muri politike.

Hari ibirori biteguye co kimwe n'imyiyerekano y'abashigikiye demokrasi hamwe n'abashigikiye ubutegetsi bw'Ubushinwa.

Abaharanira agateka ka zina muntu benshi bazwi cane bahagaritswe imbere y'uko prezida Xi ashika.

Ubushinwa bwagabishije ku "bwigenge" bwa Hong Kong

Imyiyerekano muri Hong Kong

Umugwi, urimwo n'uwurongoye abanyeshure Joshua Wong, warateguye imyiyerekano mu kibanza kirimwo ikimenyetso co guhanahana ubutegetsi.

Ico gishusho c'inzahabu c'ishurwe rya bauhinia- ikimenyetso c'intara ya Hong Kong- ni akaganuke katanzwe n'Ubushinwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amwe mu mabarabara amanitseko amabendera y'Ubushinwa n'aya Hong Kong mu kwitegurira ivyo birori

Prezida Xi yashitse mu rugendo rw'imisi itatu ari kumwe n'umupfasoni wiwe Peng Liyuan ku kibuga ca Chek Lap Kok. Bakiriwe n'indirimbo hamwe n'abana bazungagiza amabendera.

Mw'ijambo rigufi ku kibuga c'indege, yavuze ko Hong Kong yamwe "iri mu mutima wiwe".