Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yahora mw'ibohero, Ehud Olmert yarekuwe

Ehud Olmert (Ifoto ya kera) Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Olmert ni we mutegetsi wa mbere wa kera yapfunzwe

Uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Israel Ehud Olmert yavuye mw'ibohero aho yari yaciriwe gupfungwa imyaka 27 yagirijwe icaha co kurya igiturire.

Olmert yapfunzwe mu 2016 akaba azorekurwa ku musi w'Imana nk'uko bivugwa n'uwumuburanira.

Olmert ni we mutegetsi wa mbere wa kera muri Israel amaze gupfungwa.

Yatorewe kuba umushikiranganji wa mbere wa Israel mu 2006, ariko yaciye atanga imihoho inyuma y'imyaka itatu, inyuma y'uko igipolisi kimenyeshereje ko hari ivyo ategerezwa kubazwa.

Ehud Olmert yakatiwe gupfungwa amezi 18

Olmert yakatiwe imyaka 6

Olmert w'imyaka 71 ariko aragirwako amatohoza ku bivugwa ko muvyo yanditse mu gitabo ciwe bishobora gutera umutekano muke mu gihugu.

Mu ndwi iheze, Olmert yarajanywe kwa muganga inyuma yo kuvuga ko ababara mu gatuntu.

Mu 2014 Olmert yaragirijwe igiturire yaronkeye mu bwubatsi igihe yari umukuru w'igisagara ca Jerusalem hagati y'imyaka ya 1993 na 2003.