Manchester City yoba irondera Alexis Sanchez wa Arsenal

Alexis Sanchez yipfuza kumenyerezwa na Pep Guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alexis Sanchez yipfuza kumenyerezwa na Pep Guardiola

Umugwi wa Manchester City wo mu Bwongereza ngo woba ugeze kure urondera Alexis Sanchez mu gihe umugwi wa Bayern Minich wamuvuye inyuma kubera amahera menshi asabwa kuri uwo mukinyi w'imbere wa Arsenal.

City bafise icizere ko bazoruhira kuronka Sanchez ku miliyoni £50 (imiliyoni $64.9), kuberako n'uwo mukinyi asanzwe yipfuza kumenyerezwa na Pep Guardiola.