Umuti wa Sida muri Kenya

Ivyo ni ibinini vya Sida Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyo ni ibinini vya Sida

Umuti Dolutegravir wo mu bwoko bwa "générique" ugeze kure mu yigwanya Sida kandi uzimbutse, watangujwe mu gihugu ca Kenya, ukazoshika mu bindi bihugu vy'akarere munyuma.

Uwo muti ufise akamaro ku bintu bibiri vy'umwihariko, mu gihe ugiye gutuma igiciro c'imiti igwanya Sida n'igituntu kigabanuka, nkuko umukozi w'ishirahamwe Unitaid yabishikirije.

Ubwa mbere ho, umeze neza ku bijanye n'ugutegugwa, ubwa kabiri naho ukaba uzimbutse.

Nk'akarorero, ikigopo c'ibinini 30 gikwiranye n'umuti ufatwa ku kwezi, kigugwa hagati y'amadolari 25 n'amadolari 50, ugugwa amadolari 4 iyo uri mu bwoko bwa "générique".

Muri Kenya ibice 15% vy'abagendana umugera wa Sida, ntibari bagishobora gufashwa n'imiti iboneka kw'isoko ryo muri ico gihugu.

Uwo muti wemejwe ubwa mbere muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, uza watanguye gutangwa mu gihugu ca Kenya, ukaba wabanje guhabwa abagendana umugera 27 000.

Munyuma abantu benshi bazoshobora kuwuronka, ushike no mu bihugu vya Nigeria na Uganda imbere y'impera y'uno mwaka.

Abantu imiliyoni 37 nibo bagendana umugera wa Sida kw'isi, imiliyoni 25 muri bo, bakaba ku mugabane wa Afrika, nkuko ivyegeranyo vy'igisata ca Onu citaho amagara y'abantu OMS cabishikirije mu 2015.