Abana 20000 bashobora kwicwa n'ugufungura nabi muri Somalia

Igihugu ca Somalia kimaze igihe kirekire kivugwamwo ikibazo c'inzara gitewe n'uruzuba rwinshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igihugu ca Somalia kimaze igihe kirekire kivugwamwo ikibazo c'inzara gitewe n'uruzuba rwinshi

Niburiburi abana 20000 barageramiwe mu gihe bashobora kwicwa n'ugufungura nabi kubera uruzuba mu gihugu ca Somalia, niko ikigo citaho abana, Save the Children cagabishije.

Ico kigo kivuga ko cisunze itohoza rishasha cakoresheje kiri kumwe n'amashirahamwe abiri y'abagiraneza, ko casanze hari ikibazo kinini co gufungura nabi hafi ku nusu y'amakomine cakoreyeko.

Save the Children isaba amakungu guha imfashanyo igihugu ca Somalia, yofasha kurokora abo bana.

Iryo gabisha rishikirijwe haheze iminsi igisata ca Onu citaho abana, Unicef, kimenyesheje ko uruzuba rukaze ruri mu gihugu rumaze gutuma igitigiri c'abana bandura agasama ciyongera.