Abasirikare ba Iraki binjiye mu musigiti wa al-Nuri wi Mosul

Umumenyeshamakuru wa BBC mu carabu Feras Kilani yafashe ino foto ari mu bibomoke vy'umusigiti Uwufise ububasha kw’isanamu @FERASKILANIBBC
Image caption Umumenyeshamakuru wa BBC mu carabu Feras Kilani yafashe ino foto ari mu bibomoke vy'umusigiti

Inteko z'umutekano za Iraki zinjiye mu musigiti munini wasambuwe wa al-Nuri w'i Mosul inyuma yo kwirukana abagwanyi b'umugwi wa leta y'iki Islamu, Islamic State (IS).

Umumenyeshamakuru wa BBC mu carabu Feras Kilani, akikujwe n'abasirikare muri ako gace, yavuze ko iyo nyubakwa itarafatwa burundu, ko abagwanyi ba IS baguma baharasa bakoresheje vya muzinga.

Abo bagwanyi barasambuye uwo musigiti wa kera hamwe n'umunara wawo mu ndwi iheze, igihe abasirikare bariko bagwana bawegera.

Ico kibanza kiguma ari ngirakamaro ku mpande zose muri iyo ngwano.

Abu Bakr al-Baghdadi yiyerekanye ubwa mbere ka mukuru w'umugwi IS aho nyene, haheze iminsi uwo mugwi w'aba jihadistes wibutse ingene wahahinduye ukahita "caliphat" mu myaka itatu iheze.

Muri kino gihe IS yomokeye hagati muri Iraki no mu gihugu kibanyi ca Siriya, aho urunani rw'inteko mpuzamakungu rurongowe na Amerika rufasha abagwanyi b'aba Curdes n'abarabu kubohoza umugwa mukuru wayo, Raqqa.

Inteko zishigikiwe n'ubutegetsi zaragavye igitero co kugarura Mosul mu kwezi kw'icumi, mu bitero vyo hasi no mu kirere vy'inteko mpuzamakungu zirongowe na Amerika.

Barashoboye kwigarurira akarere ko mu buseruko bwa Mosul mu kwezi kwa mbere, baca batangura ikindi gitero co kugarura igice co mu burengero ukwezi gukurikira.