Koffi Olomide agiye gukora ibiteramo mu Burundi

Koffi Olomide azogira ibiteramo vyo guhimbaza imyaka 10 irangiye Uburundi bwinjiye mw'ishirahamwe rya EAC
Image caption Koffi Olomide azogira ibiteramo vyo guhimbaza imyaka 10 irangiye Uburundi bwinjiye mw'ishirahamwe rya EAC

Umuririmvyi rurangiranwa w'umunye Congo, Koffi Olomide, ari mu rugendo mu Burundi aho ategekanya kugira ibiteramo bitandukanye vyo kwigina imyaka 10 iheze ico gihugu cinjiye mw'ishirahamwe rya EAC

Uwo muririmvyi yatumweko n'ishirahamwe Empire Media Group rifise icicaro mu gihugu ca Kenya, mu giteramo co guhimba imyaka 10 Uburundi bumaze bwinjiye mw'ishirahamwe rya EAC.

Zambia yahagaritse ibiteramo vya Koffi Olomide

Umuririmvyi Koffi Olomide yirukanywe muri Kenya

Igiteramo ca mbere kizoba kuri uyu wa gatanu itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu kuri Zion Beach.

Image caption Koffi Olomide (i buryo) ategekanya kugira ibiteramo mu kiringo c'imisi cumi mu Burundi

Igihugu ca RDC ntikiri mubigize ishurahamwe rya EAC.None ni kubera iki hatumweko umuririmvyo adaturuka mu bihugu bigize iryo shirahamwe?

Irambona Alain Nova ajejwe ibikorwa vya misi yose mw'ishirahamwe Empire Media Group avuga ko: "Iri shirahamwe ahanini ryisunga ubudandaji, ntiryaravye igihugu avamwo, ahubwo ryihweje n'ico ryokwunguka. Kira noneho n'igihugu ca RDC caramaze gusaba kwinjira muri iryo shirahamwe".

Image caption Koffi Olomide (hagati) ashitse ku kibuga ca Bujumbura