Ibuzwa kuja muri Amerika ku bihugu 6 vy'aba Islam ryashizwe mu ngiro

Imyiyamamazo yo kwiyamiriza amategeko ya Trump yo kubuza abo mu bihugu 6 vy'aba Islam kwinjira muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyiyamamazo yo kwiyamiriza amategeko ya Trump yo kubuza abo mu bihugu 6 vy'aba Islam kwinjira muri Amerika

Abantu bo mu bihugu 6 vy'aba Islam n'impunzi zose ubu barahanzwe n'amategeko akomeye ababuza kwinjira muri Amerika kuva amategeko ya Trump yateye impari nyinshi yemerejwe na sentare nkuru vy'agateganyo.

Ivyo bisigura ko abantu badafitaniye ubucuti bwa hagufi n'abasanzwe baba muri Amerika canke abadafitaniye ubucuti bw'ubudandaji na Amerika bashobora kutaronswa uruhusha rwo kwinjira muri ico gihugu.

Nyokuru, senge, nyokorome umuvyara canke umusengezana ntibari mu bafitaniye ubucuti bwa hagufi bashobora kwemererwa kwinjira muri Amerika.

Iryo tegeko riraba abanyagihugu bo mu bihugu vya Iran, Syria, Somalia, Sudan na Yemen hamwe n'impunzi zose.

Itegeko rishasha rya Trump ku bimukira ryiyamirijwe

Umwanya muto imbere y'uko iryo tegeko rishirwa mu bikorwa, vyamenyekanye ko abantu bo mu ntara ya Hawaii babajije umunyamategeko umwe wo muri iyo ntara gusigura neza ivyerekeye iryo tegeko.

Iyo ntara yari yanebaguye reta ya Amerika ko irenga ku mategeko ya sentare nkuru mu kwigizayo abantu.

Image caption Kubuza bamwe mu bava mu bihugu vy'aba Islam kwinjira muri Amerika ni imwe mu ntego za Trump mu gihe c'imyiyamamazo

Mu ntango z'iyi ndwi, sentare nkuru yaremeje ityo tegeko vy'agateganyo, itego riciye rihagarika ingingo yari yafashwe na sentare yo guhagarika iryo tegeko rya Trump.

Sentare yafashe ingingo ko abantu barondera uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika bava mu bihugu bitandatu vy'aba Islam hamwe n'impunzi zose, bazotegerezwa kwerekana ko bafise ico bapfana co hagufi n'abanyagihugu ba Amerika.

Vyitezwe ko sentare nkuru ingingo ya nyuma yerekeye uko kubuza abantu kwinjira mu kwezi kwa cumi.

Icifuzo ca Trump co gukumira abinjira congeye gutsindwa.

Ufatiye kuri iryo tegeko rishasha , mu kiringo c'imisi 90 iri imbere, abantu bava muri ivyo bihugu bitandatu vy'aba Islam badafitaniye ubucuti n'ababayo bwa hagufi, ntibazoronswa uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu.

Abazokwemererwa ni abafiseyo abavyeyi babo, abagore, abagabo, abana b'abakobwa canke b'abahungu.

N'abadafitaniye ubucuti bw'ubudandaji canke abanyeshure nta burenganzira bafise bwo kwinjira muri ic gihugu.