ANC ya Afrika Yepfo mu nama ya kazoza k'umugambwe

Abatama bo mu mugambwe ANC bagabishije ko bataja muri iyo nama Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abatama bo mu mugambwe ANC bagabishije ko bataja muri iyo nama

Umugambwe African National Congress (ANC) uri ku butegetsi muri Afrika Yepfo uri mu nama y'iminsi itandatu ku bijanye na politike y'umugambwe.

Uwo mugambwe uhanzwe n'amacakubiri yawunyegeteyemwo ashobora gutuma haduka imishamirano itewe n'ikibazo c'uburongozi bw'umugambwe mu minsi iri mbere.

Iyo nama itanguye umugambwe ANC wiciyemwo imigwi, abashigikiye Prezida Jacob Zuma hamwe n'abipfuza icegera ciwe Cyril Ramaphosa.

Abari mu nama bitezwe guhana ivyiyumviro kw'inagura ry'amategeko yerekeye amatongo, ivy'ubutunzi atawe busiga inyuma, amagara hamwe n'indero, ikibazo c'ababuze akazi, ic'ubukene hamwe n'ic'ukunganisha abenegihugu gituruka kuri politike ya karyanishamiryango ya apartheid.

Bamwe mu bari mu nkingi z'umugambwe bari bamaze igihe basaba Prezida Zuma gutanga imihoho, bavuze ko batitaba ivyo bikogwa.

Kurivyo ANC yavuze ko mu gihe izo nararibonye z'umugambwe zititavye inama, ko zizoba zibujije akaryo ko gushikiriza ibibabakiye.

Uwo mugambwe wagiye uribasigwa n'inyifato iteye isoni y'ibiturire muri ino myaka iheze.