Venus Williams: Impanuka y'imodoka "yateje" yishe umugabo w'imyaka 78

Venus Williams ngo yagenda buhoro igihe asekana n'imodoka ya Madamu Barson Uwufise ububasha kw’isanamu PRESS ASSOCIATION
Image caption Venus Williams ngo yagenda buhoro igihe asekana n'imodoka ya Madamu Barson

Umukinyi akomeye wa Tennis wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Venus Williams yagize impanuka y'imodoka yahitanye umugabo ashaje w'imyaka 78.

Umuvugizi w'igipolisi ca Palm Beach Gardens co mu ntara ya Florida, yabwiye BBC ko bari mw'itohoza ry'impanuka yahitanye umuntu, irimwo uwo mukinyi amaze gutsinda incuro nyinshi ihiganwa Grand Slam.

Muri iyo mpanuka yabaye itariki 9 z'ukwezi kwa gatandatu, umugabo yayikomerekeyemwo yatwawe mu bitaro, apfa inyuma y'indwi zibiri kubera inguma, niko yavuze.

Igipolisi cemeza ko Williams ariwe yari mu makosa, ariko uwumwunganira mu rubanza avuga ko ari impanuka. Nta caha cahavuye kimwagira.

Uwo mugabo yapfuye, Jerome Barson, yari kumwe n'umugore wiwe ari nawe yagendesha imodoka, igihe imodoka zasekana mu masanganzira.

Imodoka ya Madamu Williams yarabazibiye ntiyava muri ayo masanganzira kare, kubera urugwirirane rw'imodoka, nkuko ivyabona vyasiguye mu gipolisi.

Madamu Barson nawe nyene yarajanywe mu bitaro, ariko we aracariho.

"Madamu Williams ari mu makosa mu kuba atahaye inzira uwuzananye mu buryo bw'uwo wundi mushoferi," niko icegeranyo kivuga, kikongera ko ata catowe gishingiye ku biyayuramutwe, inzoga canke ugusamazwa na telefone ngendanwa.

Uwo mukinyi w'imyaka 37 yatsinze incuro indwi ihiganwa rya Grand Slam, yabwiye igipolisi ko atabonye imodoka y'abo bantu, kandi ko yagendesha buhoro.

Uwumwunganira mu rubanza Malcolm Cunningham, yabwiye CNN mu cegeranyo ati: "Madamu Williams yinjiye muri ayo masanganzira itara ry'urwatsi rutoto ryatse."

Igipolisi kivuga ko Madamu Williams yoba yagenda ku murindi wa 5mph (8kmh), igihe imodoka yagendeshwa na Madamu Barson yamwinjiramwo.

"Ubutegetsi nta caha kijanye n'ukugendesha imodoka bwegetse kuri Madamu Williams. Ino ni impanuka ibabaje kandi Venus arifadikanije n'umuryango wabuze uwo wakunda."

Mu ndwi iza, Madamu Williams ategekanya kuja mu rukino rwiwe rwa 20 mw'ihiganwa rya Wimbledon i Londres, aho ari mu kibanza ca 10.

Madamu Williams n'uwo bavukana Serena, nibo bifatiye mu minwe urukino rwa tennis mu bagore muri ino myaka 20.