Kanu Nwanko ageze he muri kino gihe?

Kanu Nwanko yahagaritse gukina umupira w'amaguru afise ikibazo c'umutima
Image caption Kanu Nwanko yahagaritse gukina umupira w'amaguru afise ikibazo c'umutima

Umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru wo mu gihugu ca Nigeria, Kanu Nwanko avuga ko urupfu ruherutse rw'umukinyi Cheick Tiote wo muri Côte d'Ivoire, rwari rukwiye kuba "icigwa" rugakangurira abantu kurondera ico bokora ku bijanye n'ingwara y'umutima ku mugabane wa Afrika.

Tiote, yapfuye afise imyaka 30 mu ntango za kuno kwezi, inyuma yaho agwiriye igihumura mu myimenyerezo mu gihugu c'Ubushinwa, aho yakina mu mugwi Beijing Enterprises.

Kanu, nawe nyene yagwanye n'ibibazo vy'umutima igihe yakina, avuga ko hageze gushira ahabona ingorane zitegwa n'umutima haba ku kibuga canke hanze y'ikibuga.

Uwo munya Nigeria yamaze amezi icenda adakina, inyuma yaho abaganga bakurikirana umugwi Inter Milan basanze afise ikibazo c'umutima.

Hari haheze amezi afashije igihugu ciwe gutsindira umudali w'inzahabu mu nkino za Olympique z'i Atlanta mu 1996.

Mu nyuma yarasubiye mu mwuga wiwe amaze kubagwa mu bitaro vya Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

"Urupfu rwa Tiote ntiyari inkuru nziza. Ntibwari ubwa mbere bibaye," niko Kanu avuga akongera ati: "Twarabuze Marc-Vivien Foe. Yarapfuye kandi nta na kimwe cakozwe. Tiote yapfuye kandi nta na kimwe cakozwe."

Tiote yagiye ku rutonde rurerure rw'abakinyi b'abanyafrika bapfiriye ku kibuga kubera ingorane z'umutima.

Uwo mukinyi rurangiranwa yahora akina mu migwi ya Ajax Amsterdam, Inter Milan, Arsenal na Portsmouth FC, avuga ko azotanga intererano yiwe mu gutorera ico kibazo inyishu.

Afise umugambi wo kwubaka ibitaro vy'umutima bizotwara akayabu k'imiliyoni 17 z'amadolari mu gisagara ca Abuja muri Nigeria.

Iruhande y'ivyo, yipfuza kandi kwubaka ibitaro nka mwenivyo mu bindi bihugu vya Africa - kimwe mu buseruko, ikindi mu buraruko, ikindi mu bumanuko bwa Afrika.

"Ndiko ndavugana n'abagenzi ngo hagire ico dukora, dukeburane, tugerageze gufasha abana ba Afrika," niko Kanu yavuze.

"Umugabo umwe ntaco ashobora kwishoboza. Ivyashikiye Tiote ni icigwa kuri twese. Ntidushobora kureka ngo bigende ukwo. Dukwiye kubivugana cane, ayo makuru agahererekanwa kuberako ico kibazo gikomeye cane."

Ibibazo vy'ingwara z'umutima muri Afrika biri mu biraje ishinga Kanu, muri kino gihe amaze gusezerera umupira w'amaguru.

Kanu vyabaye ngombwa ko abagwa mu 1996, kugira ngo bakosore ikibazo bari basanze umutima ufise igihe yakina muri Inter Milan.

Ico gihe isi yose yaramukunda - avuye gutsindira umudali w'inzahabu mu nkino za Olympique, munyuma akigina kuja gukina mu mugwi wa Inter Milan avuye Ajax Amsterdam.

Amakuru yuko afise ingorane z'umutima yarahungabanije indoto ziwe z'umupira w'amaguru, aca yumva ko yotanguza ikigo kigwanya ingorane z'umutima, Kanu Heart Foundation, mu 2000.

Ivyo bitaro vy'umutima yipfuza kwubaka muri kino gihe i Abuja bishingiye kuri ico kigo yatanguje.

"Indoto yanje ni iyo kwubaka ibitaro muri Nigeria hamwe n'ibindi bine muri Afrika. Hari ikibazo c'amahera ariko tuyaronse tuzubaka. Uwo mugambi uzofasha cane kubera ko muri kino gihe dutwara abana bacu mu Buhindi kandi bigatwara amahera menshi. Biratubabaje nico gituma turiko turaraba ico twokora mu kwubaka ibitaro vy'abana batifise, bafise ingorane z'umutima," niko Kanu yavuze.

"Birampimbaye cane. Biraryoshe kubona abantu bagutumbera baje kugushimira. Ubabajije uti ni kubera iki, bakakwishura bati ndi mu bafashwa n'ikigo Kanu Heart Foundation. Bisigura vyinshi kurusha gutsindira udushimwe. Gutsindira udushimwe ni vyiza, ariko kurokora ubuzima bw'abantu ni vyiza kurusha."

Muri kino gihe, ikigo ciwe kimaze gufasha kubaga abantu 538 mu Bwongereza, mu Buhindi, Nigeria na Israeli. Aho ababazwe bitakunze, ni incuro zitatu gusa. Abantu babiri ba mbere babagiwe mu Bwongereza, abandi babagigwa muri Israeli, Ubuhindi hamwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kanu avuga ko kurungika abana kubagigwa hanze bizimvye, ko kwubaka ibitaro muhira yoba inyishu irama.

"Amahera dukoresha kuvuza abana batatu canke bane muhira, tuyakoresha ku mwana umwe hanze urumva ko bibabaje, nico gituma turiko turaraba ko hari ico twokora mu kwubaka ibitaro vy'abatishoboye bafise ingorane z'umutima," niko Kanu yavuze.

Ikigo Kanu Heart Foundation gifise ibiro mu gisagara ca Lagos muri Nigeria, gihamagagwa incuro umunani canke cumi ku munsi n'abantu bafise ingorane zishingiye ku mutima. Muri kino gihe ico kigo gitwara abana kuvurigwa hanze canke kigahamagaza abaganga b'abahinga baza kuvurira muri Nigeria kugira ngo harihwe make. Ico kigo kivuga ko gikoresha amapawundi 75 000 (amadolari 97 000) kubagisha umuntu afise ikibazo c'umutima mu Bwongereza, amadolari 17 000 muri Israeli n'amadolari 12 000 mu Buhindi.

Umunyeshuli wo kuri Kaminuza ya Lagos, Enitan Adesola ari muri babiri ba mbere bafashijwe n'ico kigo, avuga ko Kanu yabaye nka "se" kuri we.

"Ndamushimira cane mu kuba yafashe ingingo ihambaye yo kumfasha, kuko nta kuntu woba utazi umuntu hanyuma ugafata ingingo yo kumufasha, yabaye nka papa kuri jewe. Nk'umuvyeyi, yarankoreye ibitangaza. Ndamushimira cane," niko Adesola ari mu mwaka wa nyuma mu gisata ca Relations Internationales kuri Kaminuza ya Lagos avuga.

Izo ntahe z'abo ikigo cafashije, ziri mu bituma uwo mukinyi wa kera wa Arsenal abandanya igikogwa yishinze.

Mu kugerageza kurondera amahera y'ivyo bitaro, Kanu yatumiye abagenzi biwe bakinanye umupira - mu migwi ya Ajax, Inter Milan, Arsenal na Portsmouth - mu gikorwa co gukusanya amahera kizotanguzwa n'inkino zizobera i Lagos hamwe na Johannesburg mu mpera z'uno mwaka. Amahera azegeranywa azoja mu kigega c'uwo mugambi wo kwubaka ibitaro no mu kigo Nelson Mandela Foundation.