Uganda: Umuririmvyi yabaye umushingamateka

Bobi Wine avuga ko indirimbo ziwe zigisha Uwufise ububasha kw’isanamu BOBI WINE
Image caption Bobi Wine avuga ko indirimbo ziwe zigisha

Umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca Uganda, Robert Kyagulanyi Ssentamu ariko azwi kw'izina rya Bobi Wine, yatsindiye intebe y'umushingamateka, indirimbo atunganya akavuga ko zifasha kwigisha abanyagihugu.

Imwe mu ndirimbo ziwe za vuba, Kadingo, yigisha kwigirira isuku.

Wine yakuriye mu karere kagwiriyemwo abantu bakenye ka Kamwokya, hagati muri Kampala, bikaba vyoba vyatumye yipfuza kuvugira abakene.

Naho yahavuye avamwo umuririmvyi akomeye, yagumye akorera aho yaba "The Ghetto President" yemera kuronka uduhera duke.

We n'umutambukanyi wiwe Barbara, bamye bashigikira utugenegene hamwe n'indero muri karitiye ya Kamwokya, hamwe n'imigambi y'amazi n'ivy'isuku mu gihugu.

Mu 2011, umwaka w'amatora, yasohoye indirimbo Obululu Tebutwawula, isigura ko amatora n'imigambwe bitotuma abaganda bacanamwo.

Wine, yitoje adashigikiwe n'umugambwe numwe, yarushije abantu bane mubo bahiganigwa intara ya Kyadondo.

Yaronse amajwi 25 659 ku majwi 33 310, niko ikinyamakuru c'igihugu New Vision camenyesheje.

Ico kinyamakuru kivuga ko inyuma y'iyo ntsinzi, ko yavuze ko agiye kunywanisha kurusha abanyagihugu.

"Ikintu ca mbere nipfuza gukora ni gusubirisha hamwe abategetsi ba Kyadondo...Nipfuza ko politike idushira hamwe...nka kurya k'umuziki."