Qatar yahawe amasaha 48 yo gushira mu ngiro ibisabwa n'ibihugu vy'abarabu

Qatar yahawe amasaha 48 yo gushira mu ngiro ivyo isabwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Qatar yahawe amasaha 48 yo gushira mu ngiro ivyo isabwa

Arabia Saudite n'ibindi bihugu bitatu vy'abarabu bongerereje ikiringo igihugu ca Qatar, ngo gishire mu ngiro ivyo gisabwa, atari ivyo bagifatire ibindi bihano inyuma y'amasaha 48.

Isango rya nyuma ry'uko Qatar yari kuba yashize mu ngiro ivyo isabwa 13, harimwo kwugara ikinyamakuru Al Jazeera, ryarangiye ku musi wa Mungu.

Ico gihugu co mu kigobe c'abarabu kivuga ko kiza kwishura kibicishije mw'ikete riza gushikanwa mu gihugu ca Koweit uyu musi ku wa mbere.

Igihugu ca Qatar kirahakana civuye inyuma ivyo cagirizwa ko gufata mu mugongo abitwaza iterabwoba.

Erdogan: Ivyasabwe Qatar biteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu

Irani yarungikiye ibifungurwa igihugu ca Qatar kiri mu bihano

Umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu araja mu gihugu ca Koweit uyu musi, ajanye iryo kete y'umwami wa Qatar, arungukiye mugenzi we wa Koweit, asanzwe ari we muhuza muri ayo matati.

Image caption Qatar yahawe amasaha 48 yo gushira mu ngiro ivyo isabwa