Kenya: Abigisha ba kaminuza za leta muri yegereyegere

Abigisha ba kaminuza ya Nairobi bari imbere y'uburongozi bw'iryo shuli
Image caption Abigisha ba kaminuza ya Nairobi bari imbere y'uburongozi bw'iryo shuli

Abigisha b'amashuli kaminuza ya leta mu gihugu ca Kenya, uno munsi batanguye yegereyegere yo kwishuza amahera ubutegetsi bwemeye kubongera ku mishahara ashika ku miliyoni 100 z'amadolari.

Umukuru w'ishirahamwe ry'abigisha muri kaminuza ya Nairobi yavuze ko bazosubira mu kazi aruko leta itanze ivyo yemeye.

Docteur Richard Bosire yavuze ati: "Turi muri yegereyegere kuberako hari amasezerano yasinywe mu kwezi kwa gatatu, aho leta yemeye gutanga amahera angana n'imiliyardi 10 z'amashilingi (imiliyoni 100 z'amadolari) ngo abigisha bose bo mu mashuli ya kaminuza ya leta bashobore kwongegwa imishahara ku mwisho w'ukwezi kwa gatandatu umwaka 2017. Twasanze leta itabikurikije, none dusubiye mu mabarabara kugira ngo tuyigondoze itange ayo mahera."

Bwana Bosire yongeye avuga ko bitari ngombwa ko bavugana n'ubutegetsi imbere yo kuja mu mabarabara asigura ko bwari busanzwe buzi isango bwiyemeje.

Image caption Umukuru w'ishirahamwe ry'abigisha ba Kaminuza ya Nairobi, Docteur Richard Bosire

Mw'itangazo ubutegetsi bwasohoye buvuga ko bumaze gushira ku makonte y'amashuli kaminuza 31, imiliyardi z'amashilingi 4.775.

Ibiro vy'ubushikiranganji bw'indero bivuga ko ayasigaye yogiyeko mu mwaka w'i 2017/2018.

Umushikiranganji Fred Matiang'i avuga ko abo bigisha basivye akazi ata mvo mu gihe nabo bavuga ko badasubira mu kazi batayaronse.

Ishirahamwe ry'abigisha ba Kaminuza ya Nairobi ryavuze ko ata bindi biganiro bikenewe ngo mugihe isango bumvikanye ritakurikijwe.

Image caption Abari mu myiyerekano bavuga ko ata mahoro azoboneka badahawe amahera bishuza