Ubudagi bwaraye butahukanye igikombe ca Confederations Cup

Aho Ubudagi bwaherukira gushika kure muri iryo higanwa rya Confederations Cup naho bwahejeje ari ubwa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aho Ubudagi bwaherukira gushika kure muri iryo higanwa rya Confederations Cup naho bwahejeje ari ubwa gatatu

Igihugu c'Ubudagi giheruka gutwara igikombe c'isi yose mu mupira w'amaguru catsindiye ubwa mbere igikombe ca Confederations Cup gikuyemwo umugwi wa Chili watsinze igikombe ca Copa America mu rukino rwabereye mu gisagara ca St Petersbourg mu Burusiya.

Lars Stindl niwe yinjije igori ry'iyo ntsinzi mu bakinyi b'imyaka iri munsi ya 21 mu gice ca mbere, inyuma y'ikosa rya Marcelo Diaz.

Abakinyi ba Chili Arturo Vidal na Angelo Sagal bose bacishije umupira hejuru y'igori mu minota ya nyuma.

Umukinyi w'Ubudagi Timo Werner yarakubiswe inkokora na Gonzalo Jara, agira Imana ahabwa ikarata y'umuhondo naho umuhagarikizi yari yifashishije uburyo bwa "video assistant referee (VAR).

Intsinzi yo mu gihugu c'Uburusiya yashitsweko umugwi udafise abakinyi bose bari bafashije gutsinda Argentine i Rio mu myaka itatu iheze, aho bari babaye aba mbere.

Umunyezamu Manuel Neuer, abakinyi bo hagati Mesut Ozil na Toni Kroos, n'uw'imbere Thomas Muller, ntibakinishijwe barindirijwe ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu mwaka uza.