Abanye Zimbabwe bagabiye ubusho bw'inka AU inyuma y'akamo ka Robert Mugabe

Cattle traders from the Misseryia area in Abyei region migrate from north on December 18, 2016. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inka zifise agaciro kanini hanini ku mugabane wa Afrika

Aborozi bo muri Zimbabwe bahaye ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (AU) ubusho bw'inka ibihumbi n'ibihumbi bivuye ku kamo batewe na prezida Robert Mugabe, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca reta Herald.

Ubwo busho bufise intumbero yo gufasha iryo shirahamwe ry'abanyafrika kwibako hakuguma buhanze amaso imfashanyo y'amakungu, ni ko canditse.

Ubwo busho bwatewe icamunara , prezida Mugabe akaba ashobora guha amahera AU ku musi wa mbere.

Iyo ngabire itanzwe mu gihe muri Zimbabwe hari ubukene bw'amafaranga n'ibifungurwa.

Mu mwaka uheze, abantu barenga imiliyoni bari bakeneye imfungurwa mu bihugu vyo bumanuko bw'umugabane wa Afrika kubera ibura ry'imvura.

Ariko hashobora kuboneka umwimbu mwinshi uyu mwaka, ivyo bihugu bikaba vyiteze kwihaza mu bipfungurwa ubwa mbere mu myaka myinshi iheze.

Abatavuga rumwe na reta bayagiriza kugira uruhara mw'igabanuka ry'ibifungurwa kubera politike yayo yo gusaranganya amatongo yatumye igisata c'uburimyi kibangamirwa.

Vyabaye ngombwa kandi ko Zimbabwe ikoreshe inoti nini inyuma y'aho ico gihugu kiburiye amadolari, asanzwe akoreshwa ahanini n'abantu benshi.

Kubera ita ry'agaciro k'ifaranga, reta yahevye gukoresha idolari rya Zimbabwe mu 2009.

Umushikiranganji w'imigenderanire Simbarashe Mumbengegwi yavuze ko ubwo busho bw'inka ahanini bwatanzwe n'aborozi bahawe amatongo yatswe abazungu, nk'uko vyandikwa na Herald.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Robert Mugabe w'imyaka 93 ari ku butegetsi kuva mu 1980 zimbabwe yikukiye

Ubwo busho buje kwishura akamo kari katewe na Prezida Mugabe mu 2015 ko gutanga inka zishika 300, nk'uko abandanya abivuga.

Mumbengegwi ntaragaragaza igitigiri c'izo nka catanzwe n'amahera zagurishijwe, ariko avuga ko prezida Mugabe ashobora gushikiriza iyo ngabire mu nama y'abakuru b'ibihugu ba Afrika itegekanijwe kubera i Addis Abeba muri Ethiopia.