Korea ya Ruguru yagerageje ikigwanisho gishika kure ca ICBM

Televiziyo ya Korea ya Ruguru niyo yasohoye amafoto y'ikigwanisho ICBM yagerageje Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Televiziyo ya Korea ya Ruguru niyo yasohoye amafoto y'ikigwanisho ICBM yagerageje

Igihugu ca Korea ya Ruguru cagerageje ikigwanisho co mu bwoko bwa "missile" gishobora gutandukira imigabane "intercontinental ballistic missile" (ICBM)

Ni hagira ikivyemeza iyo "missile" ICBM ishobora gushika no ku butaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika yavuze ko iyo "missile" yaguye mu kiyaga ca Japon ku munsi wa kabiri idashika kure cane, ko ata bwoba yotera Amerika ya Ruguru.

Korea ya Ruguru imaze igihe kirekire igerageza ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile", ivyo bigatera uruhagarara akarere n'amakungu.

Itangazo ryaciye kuri televiziyo ya Korea ya Ruguru ryavuze ko "missile" yo mu bwoko bwa Hwasong-14, yageragejwe ku munsi wa kabiri, igikogwa cari gihagarariwe na Kim Jong-un.

Ryavuze ko ico kigwanisho cashitse ku 2802km mu kirere, kigira urugendo rwa 933km imbere yuko kigwa mu kiyaga.

Itangazo rya KCNA ryavuze ko Korea ya Ruguru "yinjiye mu bihugu vy'ibihangange bifise ibigwanisho vya "nucléaire" bishobora gukubita ikintu canke ahantu ku mugabane uwariwo wose kw'isi".

Ivyo bigiye gutuma ico gihugu kitagitinya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kikanashobora gukingira akarere kose ka Korea, niko rivuga.