Umuhungu wa George Weah agiye gukinira PSG

Timothy Weah yagiye muri PSG Uwufise ububasha kw’isanamu PSG Inside
Image caption Timothy Weah yagiye muri PSG

Tomothy Weah ariko ahonyora mu kirenge ca se wiwe yatwaye Ballon d'Or, George Weah, inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Paris St-Germain.

Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 17 yashize umukono ku masezerano y'imyaka 3 n'umugwi wa PSG, umugwi se wiwe George Weah yakinyemwo kuva mu 1992 gushika mu 1995.

Hari abatanguye kuvuga ko uwo muhungu ariko arahonyora mu kirenge ca se.

Mu kwezi kw'icenga mu 2016, Tomothy Weah yaratsinze ibitego bitatu mu rukino batsinzemwo ibitego 8-1 umugwi wa Ludogorets mu rukino rwiwe trwa mbere muri UEFA.

"N'agateka ntangere kubandanya ikivi c'umuvyeyi", ni ko Weah, yavukiye mu gisagara ca New York, agakinira umugwi wa New York Red Bulls imbere kuja mw'ishure ry'inkino rya PSG mu kwezi kw'indwi mu 2014, yavuze.

"Ndi mu mugwi ukomeye cane kandi nizeye ko nzobandanya gutera imbere mu gukinira uwu mugwi ukomeye".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption George Weah agikinira PSG

Se wiwe w'imyaka 50 ubu wo mu gihugu ca Liberia yarigeze gutsindira agashimwe k'umukinyi mwiza wa Afrika incuro zitatu, n'umukinyi umwe rukumbi wa Afrika amaze gutwara Ballon d'Or mu 1995.

Yamenyekanye cane akina muri Monaco mu 1988, n'igihe yakinira PSG na AC Milan mu myaka yakurikiye.

Yarakiniye kandi Chelsea na Manchester City mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu myaka yiwe ya nyuma yo gukina.