Ubutaliyano na Autriche ntibumvikana kubera impunzi

Imodoka nk'ino yo mu bwoko bwa "blindé" nizo zishobora kurungikwa aho impunzi zikunze guca, Brenner Pass Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imodoka nk'ino yo mu bwoko bwa "blindé" nizo zishobora kurungikwa aho impunzi zikunze guca, Brenner Pass

Igihugu c'Ubutaliyano casomeye uwuserukira Autriche inyuma yaho ubutegetsi bwa Vienne bumenyeshereje ko bwiteguye kurungika inteko zizibira impunzi zoramuka zije.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Autriche Hans Peter Doskozil, yabwiye ikinyamakuru Kronen Zeitung ko izo nteko z'umutekano zishobora kuja Brenner Pass.

Yavuze ko ibiduga bitamenwa bitwara abasirikare vyo mu bwoko bwa Pandur, vyarungitswe mu ntara ya Tyrol kandi ko abasirikare biteguye kujayo.

Autriche imaze gushira abantu bagenzura uruja n'uruza ku mupaka wayo n'igihugu ca Hongrie, ariko ku bijanye n'ahandi hasigaye ikubaha politike ya UE yo kwugurura imiryango.

Bwana Doskozil avuga ko bikenewe ko abasirikare bagomogwa mu bwinjiriro bwa Alpine, ku mupaka w'Ubutaliyano, "ko bikenewe cane kubera ko igitigiri c'abantu baza mu Butaliyano baciye mu kiyaga Méditerranée kitagabanuka".

Munyuma umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubutaliyano yavuze ko yahamagaye uwuserukira Autriche, Ambassadeur Rene Pollitzer "ku bijanye n'itangazo rya leta ya Autriche ryo kurungika inteko ku bwinjiriro bwa Brenner".

Ubutaliyano buramaze kugabisha ko budashobora kwifasha urugwirirane rw'impunzi zishika, ko bushobora kwugara ibivuko bwaco, bugafunga n'amato y'amashirahamwe y'abatabazi.