John Terry aheruka gusezera Chelsea ngo yipfuza kuzoyimenyereza

John Terry (hagati) ahejeje gukina urukino rwa nyuma muri Chelsea, abandi bakinyi bamusezera Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption John Terry (hagati) ahejeje gukina urukino rwa nyuma muri Chelsea, abandi bakinyi bamusezera

John Terry yahora akina muri Chelsea ubu agiye mu mugwi Aston Villa yavuze ko "yoryohegwa cane" abaye umumenyereza w'umugwi yahoramwo Chelsea igihe azoba asezereye gukina.

Uwo mukinyi w'inyuma w'imyaka 36, yinjiye mu mugwi wa Aston Villa ku masezerano y'umwaka umwe ku munsi wa mbere, umugwi yahoramwo Chelsea ukaba ariwo watahukanye igikombe ca Premier League uno mwaka.

Asubirwamwo n'ibinyamakuru vuyinshi, Terry yavuze ati: " Namye nipfuza kuba uwa mbere, aho naho ni mu bumenyereza, hanyuma Chelsea ukaba ariwo mugwi nipfuza."

Uwo mukinyi yigeze kuba mukuru (capitaine) mu mugwi w'igihugu c'Ubwongereza, yakinye inkino 717, atsinda ibikombe bitanu ari mu mugwi wa Chelsea.

Terry ntagiye kuba umumenyereza muri Villa, ariko yipfuza kwigira ku mumenyereza Steve Bruce hamwe no ku muyobozi w'umupira w'amaguru Steve Round bigeze gukorana.

"Ngiye gukorana na Steve Bruce nk'umukinyi, nkongera nkamwigirako ka mumenyereza."

"Steve Round yari umumenyereza mwiza w'Ubwongereza naho ubu yaronse ayandi mabanga, arazi ivy'umupira w'amaguru kandi arazi ingene afata abakinyi ku bijanye n'umwuga canke ku vyerekeye ubuzima bw'umwumwe."