Igipolisi ca Kenya gihanganye n'abagwanyi ba Al-Shabab

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagwanyi ba Al-Shabab bamaze iminsi bagaba ibitero ku mupaka wa Kenya

Inteko zijejwe umutekano za Kenya ziriko zitana mu mitwe n'abagwanyi ba Al-Shabab bateye ibiro vy'igipolisi bonona ivyuma vy'itumanako mu ntara ya Lamu, ku nkengera z'ibahari Indiyano, niko amakuru yo muri ako karere avuga.

Ababibonye babwiye ikinyamakuru Standard, ko abo bagwanyi bagendera ku vyiyumviro vya Islamu bateye n'ishuli mu mutwenzi ahitwa Pandanguo.

Abarongoye ishuli ntaco baravuga ku bijanye n'ico gitero.

Ikinyamakuru Standard gisubiramwo ivyavuzwe n'umukuru w'igipolisi, Philip Tuimur, camenyesheje ko inteko z'umutekano zikiriko ziragwana n'izo ntagondwa za Al-Shabab.

"Imishamirano irabandanya, turindiriye kuronka amakuru avuye ku rugamba," niko yavuze.

Abo bagwanyi bamaze kugaba ibitero vyinshi muri ako gace, bavuye muri Somalia aho bafise icicaro gikuru.

Mu ndwi iheze, abanyeshuli bane hamwe n'abapolisi bane barishwe, inyuma yaho imodoka barimwo iciriye ku gisasu cahambwe mu kuzimu mu gasagara ka Kiunga, niko Standard yavuze.

Igitero c'uno munsi gihuriranye nuko umwe mu bategetsi bo hejuru aturuka muri ako gace, yari yasavye ko hokogwa isekeza mw'ishamba rya Boni, aho abo bagwanyi bivugwa ko batera bava.

Abigeme "bagizwe abagore b'abagwanyi ba Al-Shabab ku nguvu"