Amerika na Korea Yepfo mu myimenyerezo inyuma y'itera rya ICBM

Itangazamakuru rya Korea ya Ruguru niryo ryasohoye ino foto ku munsi wa kabiri igihe "missile" itegwa Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA
Image caption Itangazamakuru rya Korea ya Ruguru niryo ryasohoye ino foto ku munsi wa kabiri igihe "missile" itegwa

Abasirikare ba Amerika hamwe n'aba Korea Yepfo bari mu myimenyerezo yo gutera "missiles" zigera kure, inyuma yaho Korea ya Ruguru itereye "missile" abahinga bavuga ko ishobora kugera muri Alaska, mu buraruko bwa Amerika ya Ruguru.

Kwigumya nikwo "kuri hagati yo guhagarika ingwano no kugwana" kandi gushobora guhinduka igihe icarico cose, niko ivyo bihugu bibiri bicuditse vyavuze.

Yoba ari "amakosa akomeye" igihe Korea ya Ruguru yoba yiyumvira ukundi, niko bavuze.

Ubushinwa hamwe n'Uburusiya basavye Korea ya Ruguru guhagarika umugambi wayo wo kugerageza ibigwanisho bemeza ko Amerika na Koresa Yepfo nabo, boca bahagaritse imyimenyerezo ya gisirikare.

Igerageza rya "missile" riherutse inyuma y'ayandi magerageza, ni ukwihoza ivyasabwe n'akanama kajejwe umutekano ka Onu, kategetse kw'ivyo bikogwa bihagarikwa.

Amerika yasavye ko hoba inama y'akagwi ka Onu kajejwe umutekano ngo higwe ico kibazo.

Inama yo mu mwiherero y'ibihugu 15 bigize ako kagwi, irategekanijwe kuri uno wa gatatu ku muhingamo.

Pyongyang yavuze ku munsi wa kabiri ko yagerageje ku buryo bushimishije "missile" ishobora gushika ku mugabane uwariwo wose, "intercontinental ballistic missile" (ICBM).

Abahinga benshi mu vya gisirikare bavuga ariko ko Korea ya Ruguru itaragera ku rugero rwo kuronka ibigwanisho vya "nucléaire" bishika kure cane nkuko ico gihugu kivuga.

Izo Korea ukwo ari zibiri zisa n'izikiri mu ngwano, mu gihe ingwano yo mu 1950-1953 yaheze ivyo bihugu vyisabiye ko ihagarara (armistice).

Ibihugu vya Amerika na Korea Yepfo bikorana mu vya gisirikare, vyakoze imyimenyerezo yo gutera ibisasu vyo mu bwoko bwa "missile" mu kiyaga c'Ubuyapani.

Umukuru w'igihugu ca Korea Yepfo Moon Jae-in yavuze ko ivyo bihugu vyagomvye kwerekana ingene vyokwigwanira "mu bikogwa atari gusa mu matangazo", niko ibiro vyiwe vyavuze.

Hagataho, mw'itangazo ryandikiwe hamwe, uwurongoye inteko za Amerika muri Korea, Jenerali Vincent Brooks hamwe n'uwurongoye inteko muri Korea Yepfo, Jenerali Lee Sun-jin bavuze ko ivyo bihugu bicihanganye kandi ko vyigumije, ariko ngo ivyo bigashobora guhinduka.

"Dushobora guhindura ico twahisemwo igihe dutegetswe n'abagaba urunani rwacu. Yoba ari amakosa akomeye kuri uwo wese yokwiyumvira igihushane," nikop itangazo rivuga.

Imbere yaho, umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika, Rex Tillerson, yavuze ko ivyo Korea ya Ruguru yakoze "bihungabanya umutekano kurusha" agabisha ko Washington "itazigera yemera ko Korea ya Ruguru itunga ibigwanisho vya "nucléaire".

Bwana Tillerson yavuze ko "amakungu akwiye guhagurukira rimwe ngo ahagarike ivyo bikogwa vya gisirikare bibangamiye amakungu" agabisha kandi ko igihugu icarico cose gifasha Korea ya Ruguru mu vy'ubutunzi canke mu vya gisirikare, kikareka kwubahiriza ingingo zafashwe n'akanama kajejwe umutekano ka Onu, ko "gifasha kandi kigashigikira ubutegetsi buteye ubwoba".