Amerika yagaritse itegeko ryihanikiza mudasobwa mu ndege ku bihugu bitatu

Indege za Emirates Airlines zija mu bisagara 12 vya Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indege za Emirates Airlines zija mu bisagara 12 vya Amerika

Amashirahamwe y'indege, Emirates, Turkish Airlines na Etihad zakuriweko na Amerika ingingo yari yafashe yo kudatwara mu ndege mudasobwa ngendanwa (laptops).

Mu kwezi kwa gatatu, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarabujije mudasobwa ngendanwa (laptop) n'ibindi bikoresho vya "électronique" ku ndege zija canke ziva mu bihugu umunani bigwiriyemwo aba Islamu, itinya ko zohava zibikwamwo amabombe.

Emirates, ija muri Amerika ivuye i Dubai, yavuze ko yakoranye n'ubutegetsi bwa Amerika mu gushinga amategeko mashasha ku vy'umutekano.

Turkish Airlines nayo nyene yavuze ko isigaye irekurira ingenzi zayo zigiye muri Amerika gutwara "laptops" mu ndege.

Ayo mashirahamwe ukwo ari abiri yafashwe co kimwe na Etihad, yakuweko iryo tegeko ku munsi wa Mungu, ku ngendo zayo ziva Abu Dhabi.

Ku bibuga vy'indege vy'i Dubai, Istanbul na Abu Dhabi, ngo hari umusako ukomeye ku vy'umutekano.

Emirates yavuze mw'itangazo: "Bihise bija mu ngiro, ko ibuzwa ry'ibikoresho vyo mu bwoko bwa "électronique" ryahagaritswe ku ngendo za Emirates ziva "Dubai International Airport" zija muri Amerika."

Iryo shirahamwe rija mu bisagara 12 vya Amerika kuva Dubai, ryashimiye abakiriya ku "gutegera kwabo hamwe n'ukwihangana mu mezi make aheze".

Turkish Airlines yavuze kuri Twitter ko ibikoresho vyo mu bwoko bwa "électronique" birekuwe ku ngendo zo muri Amerika kuva ku munsi wa gatatu.