Tanzaniya: Umushingamateka yatawe mu mvuto kuvyo yavuze

Prezida Magufuli bamutazira "Bulldozer" Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Magufuli bamutazira "Bulldozer"

Umushingamateka w'umukenyezi Halima Mdee yafashwe n'ubutegetsi bwa Tanzaniya yagirizwa "gutuka" umukuru w'igihugu John Magufuli, abaharanira amateka bakaba bavyiyamirije basigura ko bisa n'uguhonyanga uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro.

Umuvugizi w'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'ubutegetsi Tumaini Makene, yabwiye BBC ko umugambwe wiwe witeguye kwitwarira uwurongoye igipolisi yategetse ko uwo mushingamateka afatwa n'abandi bategetsi b'igipolisi bahonyanga amategeko.

Umukenyezi Mdee n'umuyoboke w'umugambwe Chadema, umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi bw'ico gihugu co muri Afrika y'Ubuseruko.

Yagirijwe na Ally Hapi arongoye igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam - kuba yatutse umukuru w'igihugu no kugomorera abanyagihugu mu ndyane inyuma ngo yaho avugiye ko Prezida yibaza ko ivyo avuga ari amategeko, ko hazogera umunsi azobwira abanyagihugu kugenda batambaye mu gikiriza.

Uwurongoye umugambwe "Alliance for Change and Transparency", Zitto Kabwe, yavuze ko ifatwa ryiwe "biguma vyerekana ingene ubutegetsi bukoreshwa nabi".

Itegeko rirekurira uwurongoye igipolisi gufata umuntu "ntaco risana n'ivyo Mdee yagirizwa," niko yabandanije avuga.

Abantu benshi barafashwe muri kahise mu kuba bavugiye amajambo ku rubuga hwaniro, amajambo ubutegetsi buvuga ko yoteranya ku bijanye na politike.

Ubutegetsi bwemeza ko bukora bwisunze amategeko, ngo bukarondera kwirinda ko haduka imidugararo muri Tanzaniya.

Bwana Magufuli yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu 2015, akaba ashigikiwe n'abatanzaniya benshi naho yidogegwa n'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'amashirahamwe aharanira amateka.