Arsenal iriko irihweza amagara ya Lacazette

Lacazette yagenzuwe amagara yiwe n'umugwi wa Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Lacazette yagenzuwe amagara yiwe n'umugwi wa Arsenal

Umukinyi w'imbere wa Lyon, Alexandre Lacazette yahejeje gupimwa imbere y'uko aja mu mugwi wa Arsenal ku miliyoni 45 z'amadolari.

Arsenal yari yatanguye itanga amahera make kuri uwo mukinyi, barayanka, biba ngombwa ko ibiganiro bibandanya.

Ayo mahera agera ku miliyoni 52 harimwo n'uturusho, ararenze ayaguzwe Mesut Ozil wo muri Real Madrid yari imiliyoni 42.4 mu 2013.

Amaze gutsinda ibitego 129 mu nkino 275 mu nkino zose kuva atanguye gukina mu cicaro ca mbere mu 2009-2010.

Uwumurusha ibitego muri uyu mwaka ni Cavani wa PSG afise ibitego 35.

Lacazette amaze gukinira Ubufaransa incuro 11, yarondewe n'imigwi myinshi, bikaba vyari vyitezwe ko azoja mu mugwi wa Atletico Madrid.

Mu ndwi iheze, uwurongoye wa Arsenal, Iva Gazidis yiyemeje kugura abakinyi bakomeye cane igihe yariko aratanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru.

Gushika ubu, Arsenal imaze kugura umukinyi umwe gusa w'inyuma mu bubamfu, Sead Kolasinac, yaje ava mu mugwi wa Schalke.