Bella Nshimirimana, Umugore w'impunzi w'akarorero
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Bella Nshimirimana, Umugore w'impunzi w'akarorero

Uwatoranijwe nk'umugore w'impunzi w'akarorero w'umwaka wa 2017 mu gihugu ca Uganda, ni Umurundikazi yashimwe kubera gufasha izindi mpunzi zo mu karere.

Mu bikorwa bitandukanye vyatumye bashima Bella nshimirimana, harimwo ubwitange mu gusemurira abandi bagenzi we mu mpunzi, igihe bagiye kwa muganga, bagahura n'ikibazo c'ururimi kuko benshi batazi icongereza gikoreshwa muri ico gihugu.

Abaye umukenyezi wa gatandatu aronse ako gashimwe kagenewe intangarugero mu mpunzi muri Uganda, katangujwe mu myaka 20 iheze n'ishirahamwe rifasha impunzi ryo muri Finland.

Gatangwa ku bufatanye bw'amashirahamwe Finnish Refiugee Council, UNHCR n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere wa Uganda.

Intumbero y'ako gashimwe, n'ukugaragaza ibibazo bihanze impunzi n'ivyo zikeneye aho muri Uganda, no gutera intege cane cane abakenyezi kugirango yingerere ubumenyi n'ubushobozi bubafasha kuba icigererezo muri uwbo buzima bushasha baba barimwo.

Uganda itunze impunzi z'Abarundi zigera ku 36 0000, ahanini bacumbikiwe mu ikanbi ya Nakivale.

Ariko hari ababayeho mu mihana isanzwe yo mu bisagara nka Bella Nshimirimana.

Uyu mukenyezi w'imyaka 28 ahanganye n'ibibazo vya minsi yose muri ubwo buzima bwo gutunga umuryango wiwe ugizwe n'abantu 14 mu gisagara ca Kampala.

Ariko nticamubujije gufata ingingo yo kwitangira abandi bagenzi we mu mpunzi, mu kubafasha mu bibazo bitandukanye birimwo kubaherekeza kwa muganga, akabafasha gusobanurira umuganga ku batazi ururirmi, kwiyongera ubumenyi mu gusubira mw'ishure no kwegeranya abakenyezi n'abigeme b'impunzi ngo bafashanye mugukomeza imico kama, utugenegene n'ibindi bibahuza kandi bibafasha kwuyungunganya.

Agashimwe yahawe kaherekejwe n'amafaranga agera kuri miriyoni zitatu z'amashirigi ya Uganda ( $800 arenga gato).

Bella Nshimirimana avuga ko ako gashimwe kamuteye intege zo kurushaho kwifatanya n'izindi mpunzi mu kubereka ko bashoboye guhangana n' ibibazo barimwo biciye mu gutunganya umushinga muri ayo mafaranga.