Uburaya buridogegwa ku mpfu ziyongera z'abimukira n'impunzi

Ubutaliyano nico gihugu abimukira benshi bajamwo kubera ko cegeranye na Libiya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubutaliyano nico gihugu abimukira benshi bajamwo kubera ko cegeranye na Libiya

Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu, Amnistie Internationale, kiridogera Uburaya mu kuba bwarananiwe guhagarika impfu ziyongera mu mpunzi no mu bimukira mu karere ka Méditerranée.

Mu cegeranyo casohoye, kivuga ko Uburaya bwapfunditse na Libiya "amasezerano akingira inyungu zabwo" bigatuma ibihumbi vy'abantu babandanya gutwarwa, gusambanywa ku nguvu hamwe no guhohotegwa.

Kivuga ko Uburaya bwirengagiza amabi akoregwa mu mabohero yo muri Libiya, bukarekera amashirahamwe y'abatabazi igikogwa co kurokora abimukira.

Abantu barenga 2000 barapfuye mu 2017 bariko bagerageza kuja i Buraya, niko kivuga.

Uburaya ntaco buravuga kuri ico cegeranyo ca Amnistie Internationale.