Trump yasavye Uburusiya kudahungabanya Ukraine

Abanyagihugu bumviriza ijambo rya Trump bari bitwaje ivyapa vy'ifoto yiwe (hagati i buryo) n'iya Prezida wa Pologne Andrzej Duda Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu bumviriza ijambo rya Trump bari bitwaje ivyapa vy'ifoto yiwe (hagati i buryo) n'iya Prezida wa Pologne Andrzej Duda

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasavye Uburusiya guhagarika "guhungabanya" igihugu ca Ukraine n'ibindi bihugu, bugahagarika no gushigikira "ibihugu bibiba urwanko" nka Siriya na Irani.

Avugira ku mugwa mukuru wa Pologne, Varsovie, Bwana Trump yasavye ashimitse Uburusiya "kwinjira mu muryango w'ibihugu bitigira sindabibazwa".

Kremlin yiyamirije ayo majambo yiwe.

Indongozi ya Amerika yitezwe i Hamburg mu nama ya G20, aho ategekanya kubonana na Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya ubwa mbere.

Bwana Trump yakeje Pologne mu kuba igihugu c'akarorero mu guharanira umwidegemvyo ku mugabane wa Buraya.

Pologne, irongowe n'umugambwe w'aba Conservateurs, isangiye ivyiyumviro bimwe na Trump ku bijanye n'abimukira no kugwanira ubusugire bw'igihugu.