Ubwato butwara indege bw'Ubushinwa bwashitse Hong Kong

Ubwato butwara indege bw'Ubushinwa bashitse Hong Kong
Image caption Ubwato butwara indege bw'Ubushinwa bashitse Hong Kong

Ubwato bwa mbere y'Ubushinwa itwara indege z'intambara, Liaoning, bwashitse mu gisagara ca Hong Kong.

Urwo rugendo rwa mbere hanze y'Ubushinwa n'uburyo bumwe bwo kwigina imyaka 20 irangiye kuva Ubwongereza bushubije Hong Kong igihugu c'Ubushinwa.

Urugendo rw'ubwo bwato rukurikiye urwa Xi Jinping muri ico gisagara mu ndwi iheze, urugendo rwa mbere ari prezida.

Mu gihe yari mu rugendo rwiwe rwaranzwe n'imyiyerekano yo kwiyamiriza ubushinwa, yaragabishije ko inyifato yose yo kwiyamiriza Ubushinwa, itazihanganirwa.

Politike ya Hong Kong yaguye itera ibibazo mri iyi misi, aho hariho akamo ko kwikukira no kwitorera ababarongora.

Mu mwaka wa 2014, Ubushinwa bwavuze ko buzoreka hakaba amatora y'abategetsi b'ico gisagara, ariko abari ku rutonde rw'abitoza benshi bari bemejwe n'Ubushinwa.

Iyo ngingo yatumye haba imyiyerekano yitiriwe umutaka, yasaba ko haba ubwigenge muri ayo matora.

Inyuma y'urugendo rwa Xi ku musi wa gatandatu, abantu ibihumbi n'ibihumbi barihereje amabarabara basaba ko haba demokrasi.