Urunani rwa Arabia Saudite: Qatar irageramiye umutekano

Ibihugu bine vy'abarabu vyaguze ico bisaba Qatar, bivuga ko ico gihugu kibangamiye umutekano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Ibihugu bine vy'abarabu vyaguze ico bisaba Qatar, bivuga ko ico gihugu kibangamiye umutekano

Ibihugu bine vy'abarabu vyaguze ico bisaba Qatar, bivuga ko, ingingo y'ico gihugu yo kwiyamiriza ivyo gisabwa yerekana ko ico gihugu gishaka kubandanya gihungabanya umutekano mu karere k'ikigobe c'Abarabu.

Mu kiganiro batangiye hamwe, ibihugu vya Arabia Saoudite, Emirats Arabes Unies, Misri na Bahrain, vyagabishije ko, bigiye gushinga ingingo zikomeye ku gihugu ca Qatar.

Ivyo bihugu ko ari bine vyarahagaritse imigenderanire na Qatar mu kwezi guheze, bivuga ko ico gihugu gifata mu mugongo imigwi y'iterabwoba kw'isi, nk'umugwi wa Muslim Brotherhood mu Misri, kandi ko bafitaniye ubucuti n'umwansi wa Arabia Saudite,- Iran.

Qatar yahawe amasaha 48 yo gushira mu ngiro ibisabwa n'ibihugu vy'abarabu

Erdogan: Ivyasabwe Qatar biteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika Rex Tillerson, aragira urugendo muri Koweit mu ntumbero yo gutorera inyishu ayo matati.

Qatar yasubiyemwo incuro nyinshi ko urwo rutonde rw'ivyo isabwa ata ho bishingiye namba, kimwe muri ivyo kukaba ari uguhagarika ikinyamakuru cayo ca Al Jazeera.