Niger yishe abanyagihugu 14 ibitiranije n'abagwanyi ba Boko Haram

Map of Abadam in Niger

Igisirikare ca Niger cishe abanyagihugu 14 kibitiranije n'abagwanyi b'umugwi wiyitirira Islam wa Boko Haram mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abo bishwe, bise b'abanyagihugu batitwaje ibigwanisho, bari mu karere kabujijwe kujamwo mu micungararo y'ikigwati ca Abadam, cegereye urubibe rw'igihugu ca Nigeria.

Babiri n'abo muri Niger, abandi bakaba ari abo muri Nigeria. Ido n'ido ry'ingene ico gitero cagenze n'igituma abanyagihugu bari muri ako karere ntibiramenyekana.

Boko Haram ifise icicaro muri Nigeria ariko yama yajabutse kugira ibitero muri Niger.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baramaze guta izabo mu bumanuko bushira ubuseruko mu karere ka Diffa, abanyagihugu bakaba barabujijwe guhonyoza ikirenga mu turere tutari duke.

Nigeria: Igice c'imfashanyo c'abagize ivyago kubera Boko Haram "cibwe"

Boko Haram yatsimbuwe mw'ishamba rya Sambisa

Ibishikirizwa n'ibinyamakuru ku kungene ico gitero ca gisirikare cagenze biravuguruzanya. AFP ivuga ko abo bantu bishwe n'igitero c'indege inyuma y'aho basubiriye muri ako karere gusarura ivyo barimye, ariko Reuters yo ivuga ko abasoda bariko barakizura muri ako karere igihe babarasa.

Yahaya Godi, umunyamabanga mukuru w'akarere ka Diffa yavuze:" Abadam ni akarere karimwo umutekano muke kabujijwe guhonyoramwo haraciye igihe kirekire... umuntu wese abonetseyo afatwa nk'umugwanyi wa Boko Haram."

Akarere ka Diffa karagizwemwo ibitero vyinshi n'abagwanyi ba Boko Haram muri iyi myaka ya vuba iheze.

Mu misi itatu gusa iheze, abikenkwa ko ari abagwanyi b'uwo muhari barishe abantu icenda batwara n'abandi barenga mirongo ibiri, harimwo n'abana.