Wimbledon 2017: Andy Murray na Johanna Konta b'Ubwongereza mu gice ca gatatu

Murray niwe mukinyi wa mbere kw'isi wa tennis muri kino gihe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Murray niwe mukinyi wa mbere kw'isi wa tennis muri kino gihe

Andy Murray na Johanna Konta bari mu bongereza bane bagize amahigwe yo gushika mu gice ca gatatu c'inkino za Tennis ziriko zibera i Wimbledon mu gihugu c'Ubwongereza.

Mu gihe aguma arondera kuguma mu kibanza ca mbere, umukinyi wa mbere kw'isi, Andy Murray, ahura kuri uno wa gatanu n'umutaliyano Fabio Fognini isaha 17:00 BST.

Umugore wa mbere mu Bwongereza, Johanna Konta nawe avugwa ko ariwe ahagaze neza gushika ubu, ahura na Maria Sakkari wo mu Bugiriki 15:00 BST.

Abandi bongereza bashitse mu gice ca gatatu ku munsi ugira gatanu ihiganwa ritanguye, ni Heather Watson na Aljaz Bedene.

Watson ahura n'uwatsinze kabiri ihiganwa Grand Slam, Vicoria Azarenka; mu gihe Bedene ahura na Gilles Muller.

Abandi bakinyi bazwi cane bashitse muri ico gice ca gatatu ni Rafael Nadal, Simona Halep na Venus Williams.