Fifa yahagaritse igihugu ca Sudani

Amategeko ya Fifa asaba ko amaleta ativanga mu vy'amashirahamwe y'umupira Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amategeko ya Fifa asaba ko amaleta ativanga mu vy'amashirahamwe y'umupira

Ikigo kirongoye umupira w'amaguru kw'isi Fifa cahagaritse ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Sudani, inyuma yaho ubutegetsi bushiriyeho umukuru waryo mushasha mu kwezi guheze.

Kuno guhagarikwa gusigura ko imigwi itatu yo gihugu ca Sudani yafuswe na "Confédération Africaine de Football" (CAF) mu mahiganwa ategekanywa ku mugabane wa Afrika.

Al Hilal na Al Merreikh zafuswe mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo "Champions League" mu gihe Al Hilal Obeid yakuwe mw'ihiganwa "Confederation Cup".

Bino bisigura ko inkino zibiri zo ku munsi wa gatanu zo mu mugwi A, imigwi Hilal na Merreik, zitakibaye.