Umwana yarongoye umukecuru muri Indoneziya

Abo bakunzi babiri bari bagabishije ko bashobora kwiyahura batabaretse ngo bubakane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo bakunzi babiri bari bagabishije ko bashobora kwiyahura batabaretse ngo bubakane

Umuhungu akiri muto cane aheruka kwubakana n'umugore akuze cane, amaze kurenza imyaka 70 mu gihugu ca Indoneziya, aca iruhande y'imico n'amategeko y'igihugu.

Ayo makuru yamenyekanye igihe amasanamu ya "video" y'urwo rubanza yaca ku rubuga ngurukanabumenyi.

Uwo muhungu w'imyaka 16 ntiyari bwakwize imyaka, ariko abakuru b'umutumba baremeye "ubwo bugeni ataho bwanditswe" inyuma yaho bamenyeshereje ko bashobora kwiyahura batabanye.

Mu mategeko yo muri Indoneziya, abakobwa bategerezwa kuba bafise niburiburi imyaka 16, abahungu nabo 19 kugira ngo bemeregwe gukora ubukwe.

Ibinyamakuru vyo muri ako karere bivuga ko abo bantu babiri bamanye kuva kera, uwo mugore akitaho uwo muhungu agwaye malariya.

Cik Ani, umukuru w'ikigwati mu gace ka Sumatra yo mu bumanuko, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "kubera ko umuhungu atari bwakwize imyaka, ko bahisemwo gukoresha ubwo bugeni mw'ibanga".

Yongeye avuga ko ubwo bukwe bwakozwe itariki 2 z'ukwezi kw'indwi, kwari "ukwirinda ko abo bantu ukwo ari babiri bagwa mu caha c'ubusambanyi". Uwo muhungu azwi kw'izina rya Selamat, naye umugore wiwe w'imyaka iri hagati ya 71 na 75, yitwa Rohaya.

Se w'uyo muhungu ngo amaze imyaka myinshi yitavye Imana, nyina nawe ngo akaba yaciye aja ku wundi mugabo kuva ico gihe.

Bubaye ubugira gatatu Rohaya agira ubukwe kandi akaba afise abana benshi baturuka kuri abo bagabo babiri ba mbere, niko amakuru avuga.