Itangazo rirangiza inama ya G20 ntiryashizweko igikumu.

G20 Humburg Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bamwe mu bakoze imyiyerekano i Hamburg batawe muri yompi inyuma yo guturira iimiduga no kuzibira amabarabara

Abaserukira ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi aho bakoraniye mu nama mu muji wa Hamburg mu Budagi, basohoye itangazo rirangiza ibiganiro ariko ntibaryumvikanako.

Abari mu nama ya G20 ihuza abaserukira ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi ibera mu Budagi, bayirangaje badashoboye kwumvikana ku kibazo c'ihindagurika ry'ibihe.

Abatunganije iyo nama bavuga ko ibiganiro n'ubu bikibandanya, aho cane cane vyabananiye kwumvikana kw'ikoreshwa ry'amasoko ntanganguvu aturuka ku bitoro.

Ariko abo bategetsi bashoboye kwumvikana ku bijanye n'urudandazwa, aho ibihugu vyose vyemeje ko bizorwanya ingendo yo kwiyugarana no kwigungirako amasoko y'abaguzi.

Ku munsi wa gatanu, umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel yakiriye iyo nama yariyemereye ubwiwe ko ivyo biganiro vyagiyemwo ingorane.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza itunganywa ry'ubutunzi bw'ibihugu bufatiye ku guhiganigwa ku masoko hatitaweho gushira imbere abekene (capitalisme) yarakomeje aho hari n'abayikomerekeyemwo.