Ubushikiranganji bw'ikigega ca leta muri El Salvador bwatetwe n'umuriro.

Igorofa yahiye muri El Sakvador Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Bamwe bahungiye umuriro mu busongero bw'igorofa

Umuriro wateye mu nyubakwa y'ubushikiranganji bw'ikigega ca leta iri El salvador, bamwe mu bariyo bahunga baca mu madirisha y'amagorofa yo hejuru batibukira hasi.

Hari uwabonetse asumba ava hejuru ku gasongero k'iyo nyubakwa, abandi bahakugwa na kajugujugu.

Abarenga miringo ibiri bajanywe kuvuzwa mu bitaro vyo muri San Salvador, kubera ubushe, gukomereka no guhumeka inyotsi.

Umugore umwe yamaze kwitaba Imana, urundi yagarukiye kure bamusubijemwo impwemu amaze kuvugwa ko asa n'uwacikanye aho yari ageze mu bitaro.

Abajejwe kuzimya vyabatwaye nk' isaha yose kugira bashobore gushosha ugwo rubeya.