Igitero cahitanye abantu 9 muri Kenya

Lamu hishwe abantu 9 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akarere ka Lamu gakunze kuvugwamwo ibitero vya Al Shabaab

Amakuru aturuka mu karere ka Lamu mu bumanuko bwa Kenya amenyesha ko hari abantu batari munsi ya cenda bishwe, bamwe barashwe, abandi baciwe amazosi.

Akarerka Lamu kari gaherutse kugabwamwo ibitero, igipolisi cemeza ko vyagabwe n'abagwnayi ba Al shabaab baturuka mu gihugu kibanyi ca Somalia.

Uwo mugwi wa Al shabaab waragavye n'ibitero ku ngabo za Kenya zisanzwe zifise uruhara mu gukorwa co kugwanya uwo mugwi mu rwego rw'Ubumwe bwa Afrika AMISOM.