Ibirindiro vya IS vyafashwe muri Mosul

Ingabo za Iraq zigiba zifate Mosul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi ba Iraq batanguye gutamba mu mabarabara ya Mosul

Ingabo za Iraq zifatanije n'iza Leta zunze Ubuwe za Amerika, zirakomeza gusatira mu muji wa Mosul aho zizigiye ko mu masaha make zizoba zihagenzura hose.

Tereviziyo y'igihugu imaze gutangaza ko hasigaye imetero nkeyi cane ngo umuji wose wa Mosul ube uri mu minwe y'ingabo za Leta.

Abajejwe umutekano wa Iraq babonetse mu mabarabara batanguye kwigina intsinzi.

Ingaboi a Iraq zifadikanije n'iza Leta zunze Ubumwe za Amerika, zatanguye kuva mu kwezi kwa cumi kw'umwaka uheze iyo ntambara yo kubohoza umuji wa Mosul.